 | Bime amatwi bazovuga baruhe,ntakindi biyumvira atari uguteranya.
Bazomara inkwi bacanir'amabuye,ntaco bokora cotuma duhebana(x2)
Umviriza nkucir'agace kibondo ,"mama"Ico womenya harabansi b'urukundo
Bagateranya bashaka guteranya,bazoryoherwe nitwamara kwankana.
Bamara imirambi ,ijoro n'umurango;bibaraguza bavuga amajambo.
Bafise umugambi yo kutwankanisha,no kuducanishamo n'ukuturyanisha
Yamara baby,ntawuzokunyankisha
Ico narahiye ntawuzokumpebesha
Bazovuga nibaruha bazonuma
Bazomara inkwi bacanire amabuye
heh
BTC(1)
Reka bavuge uruvugo ntawe rwishe,nuwanse kuvugwa yaheze munda kwa nyina.
Nibazovuga imyaka yose bazoruha banume
Ivyo bavuga nivyabaherana.
Ntibibaryohera kubona tuvugana,
Ntibibahimbara kubona dukundana
Baragerageza kugira ngo twankane,bagaca irya nino ngo duhebane.
Bagahiga impamvu n'inyenda muvano,ngobarabe ukuntu botwicira umubano.
Yamara baby,ntawuzokunyankisha
Ico niyemeje,ntawuzokumpebesha
Bazovuga nibaruha bazonuma
Ntaco bazokora iwawe,narashitse.
Narashitse ..
BTC(1)
Nibateshwe,nibate,iwawe,narashitse
Bazovuga,baruhe,batureke ntituhebana
BTC(X2)til fade |  |